Amakuru
10 septembre 2021

Uruhara rw’amashirahamwe mpuzamakungu mu kurwanya ikiza ca Corona

Mu Burundi, amashirahamwe, imigambwe n’ibimenyeshamakuru, ngo vyari bikwiye gusemerera kugira leta ifate ingingo zotuma umugera wa Corona utaguma ugwirirana mu gihugu. Ibi bivugwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu, afatiye ku gushaka guke kwa leta y’Uburundi mu kurwanya ikiza ca Corona nk’uko ibindi bihugu vyo kw’isi bibigira. Agatanga akarorero k’intara zirimwo abanduye benshi ariko ntihashirweho inguvu nyinshi kugira ntizanduze izindi.