Amakuru
9 janvier 2024

Urugomero rwa Jiji-Murembwe ruzotanga mégawatts 50 kuva muri Mukakaro na Kigarama (DG REGIDESO)

Umuyagankuba uzova ku rugomero rw’umuyagankuba Jiji-Murembwe ugiye kuboneka vuba. Ivyo vyatangajwe n’umuyobozi mukuru wa REGIDESO. Jean Albert Manigomba yabishikirije ku munsi wa mbere igihe yariko agendera ibituro vy’umuyagankuba bitatu biriko birubakwa i Bujumbura. Akavuga ko izo nzuzi uko ari zibiri Jiji na Murembwe zizotanga umuyagankuba ungana na mégawatts 50 kuva muri Mukakaro na Kigarama uno mwaka.