Amakuru
28 avril 2023

Urugamba rwo kurwanira Amasezerano ya Arusha ntiruzohagarara rudashitse kw’ihangiro

Urugamba rwo guharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha rwatanguye mu mwaka w’2015 rurabandanya. Bivugwa n’umuvugizi w’umugambwe MSD. Hari mu ntumbero yo kwibuka imyaka 8 iheze hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ihonyangwa ry’amasezerano ya Arusha ku wa 26 Ndamukiza 2015. Epitace Nshimirimana akabwira abarongoye igihugu ko bomenya ko Abarundi batazoheba urwo rugamba rufise ihangiro ryo kubasubiza iteka.