Amakuru
5 juin 2024

Urugamba rwa « Forbidden stories » rwo gucafuza Urwanda ntirushoboka i Buraya (Vincent Gasana)

Hari urunani rw’abamenyeshamakuru 50 b’Abanyaburaya rwitwa « Forbidden stories » baheruka gutanguza igikorwa co kumenyesha amakuru acafuza Urwanda. Intumbero yabo ikaba ari iyo kwerekana ko ubutegetsi bw’ico gihugu butihanganira abamenyeshamakuru n’abatavuga rumwe na leta. Ariko rero hakaba hari abandi bamenyeshamakuru, harimwo n’Abanyarwanda, bo berekana ko « Forbidden stories » ata kindi igamije atari ukubesha amakungu, mu kwerekana ishusho bavuga ko ari ribi ry’Urwanda. Akarorero ni nka Vincent Gasana avuga ko abo bamenyeshamakuru barenga ku mabwirizwa y’umwuga wabo iyo bariko bavuga Urwanda na Afrika muri rusangi, kandi batokwubahuka kubikorera ibihugu vy’i Buraya.