Amakuru
9 novembre 2021

Urucanco rwa Sinopharm rwo mu Bushinwa rukwiye izindi nkingo zirwunganira

Abategetsi b’Uburundi barakwiye kurondera izindi ncanco ha kuguma bakoresha rumwe gusa rwatanzwe n’Abashinwa. Ivyo vyofasha Abarundi guhindura urucanco mu gihe urucanco Sinopharm rwogira ingaruka ku barutewe. Ukwo niko Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu, abisigura na cane cane ko bimwe mu bihugu vya Buraya vyafashe ingingo ko abanyamahanga bategerezwa kwicandagisha imbere yo kwinjira mu bihugu vyabo kandi Sinopharm ikoreshwa mu Burundi itari ku rutonde rw’incanco zemewe n’ivyo bihugu. Come Konakuze ariko avuga ko ivyo bidasigura ko urwo rucanco rutizewe kuko rusanzwe ruri mu zemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi (OMS).