Amakuru
14 octobre 2022

Urubuga rwo kwandikisha amashirahamwe ku buhinga ngurukanabumenyi ruzotanguzwa kuri uyu wa mbere

Kuva kuri uyu wa mbere itariki 17 Gitugutu, urubuga rwo kwandikisha amashirahamwe biciye ku buhinga ngurukanabumenyi ruzotangura gukora. Ivyo bimenyeshwa na Didace Ngendakumana, umuyobozi mukuru w’ikigo c’iterambere ry’Uburundi (ADB). Kikaba ari kimwe mu bigize integuro ngenderwako y’ico kigo. Hari mu bikorwa vyatunganijwe n’ico kigo ku munsi wa kane.