Amakuru
26 juillet 2023

Umwihwezo w’ivyo gusangira ubutegetsi hisunzwe ubwoko, wofatira ku kamaro vyagize

Inama nkenguzamateka ikwiye kwitonda mu guhindura ingingo zisaba gusabikanya ubutegetsi hisunzwe ubwoko. Bivugwa na Léonce Ngendakumana, yahoze arongoye Inama nshingamateka. Abivuze inyuma y’aho Inama nkenguzamateka itangirije ko igiye kwugurura ibiganiro kugira irabe ko bigikenewe ko ibibanza vya politike bigaburwa hisunze ubwoko. Léonce Ngendakumana amenyesha ko bitagenze gutyo twohava dusanga hasubiye kwaduka indyane mu gihugu.