Amakuru
31 janvier 2024

Umwe wese arafise ico yoterera mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina (P. Hatungimama)

Ibitigiri vy’amabi afatiye ku gitsina biguma biri hejuru. Ivyo vyashikirijwe ku munsi wa mbere mu bikorwa vyo kwemeza igitabo ngenderwako co kurwanya ayo mabi. Pontien Hatungimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Ugufatana mu nda, akavuga ko uwo ari we wese ashobora kugira uruhara muri ico gikorwa.