Amakuru
6 décembre 2023

Umwami ntavukana, umukuru w’Igihugu akwiye kuvyibuka akagarukira ubutunzi (Chauvineau Mugwengezo)

Umukuru w’Igihugu ni yaba ashaka kugarukira ubutunzi bw’igihugu akwiye gufata ingingo ataravye ubucuti abo zikorako bafitaniye mu mugambwe. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu amenyeshereje ko abazingamitse igihugu ari abarwizatunga bamenyereye kudatanga amakori. Hari mw’ikoraniro « Umuzinga Day » ryabaye mu ndwi iheze. Chauvineau Mugwengezo yibutsa umukuru w’Igihugu ko ari we afise ububasha bwo gufata ingingo kugira ibintu bihinduke.