Amakuru
31 décembre 2021

Umwaka w’2021, umwaka wabaye mubi ku mpunzi, abashika 36 nibo bamenyekanye ko bishwe

Impunzi z’Abarundi 36 zarishwe, 9 baranyuruzwa, 8 nabo baborezwa igufa, muri uyu mwaka w’2021 mu makambi atandukanye yo muri kano karere. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi ari mu bihugu vy’aka karere CBDH/VICAR. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, avuga ko impunzi z’Abarundi cane cane iziri mu bihugu vya Afrika yo hagati zibangamiwe no mu bindi bice vyinshi nko kwiga no kwivuza.