Amakuru
28 juin 2023

Umuti woba uwuhe mu gihe urwaruka rurenga 900 ruzwi ko rwihereza ibiyayuramutwe i Bujumbura ?

Leta, ifadikanije n’abavyeyi, irashobora kurwanya ibiyayuramutwe mu ntumbero yo guha amahirwe urwaruka ku bijanye na kazoza karwo. Ivyo bishikirizwa na Raphaël Ngendakumana, arongoye ishirahamwe rirwanya ibiyayuramutwe, OLCOS. Igisagara ca Bujumbura kikaba conyene ubwaco giharurwamwo urwaruka rwababa 1 000 rwihereza ivyo biyayuramutwe. Akaba yabishikirije ku Mboneshakure ya bagenzi bacu ba Isanganiro, kuri uyu wa 26 Ruheshi, umunsi wahariwe kurwanya ibiyayuramutwe.