Amakuru
6 juillet 2022

Umutekano n’intwaro mbi ni vyo bituma incabwenge zita zigahunga zikaja gukorera mu mahanga

Umukuru w’Igihugu ntiyidoga, atanga inyishu. Kubona atera akamo Abarundi baba hanze kubera ari impunzi canke kubera bakorera hanze ntivyari bikwiye ahubwo we nyene nk’umukuru w’Igihugu yategerezwa guhindura igihugu kugira icatumye bagenda kihave. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu avugiye ko Abarundi bari hanze botaha kandi n’ibihugu vyakiriye impunzi vyozirukana, hari mw’ijambo ryo ku wa 01 Mukakaro. Umushingwamanza Bashirahishize aremera ko incabwenge z’Abarundi zikwiye gutaha gukorera igihugu, ariko rero ngo ni umukuru w’Igihugu ategerezwa guhindura igihugu hakaboneka amahoro n’umutekano kugira abashaka gutaha bose batahe.