Amakuru
24 avril 2023

Umutekano muke ukirangwa mu Burundi, utuma impunzi zitihutira guhunguka

Leta y’Uburundi yari ikwiye kwiyumvira ingene yohagurukira ikibazo c’umutekano muke kugira impunzi zose ziyumvire gutaha, hako iza gukora mu nkovu impunzi zigorewe mu bihugu vyazakiriye. Bivugwa n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR). Aho ni inyuma y’aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu amenyeshereje ko impunzi zikiri hanze zipfuza kujanwa mu bindi bihugu vya kure, canke zifise ubwenegihugu bubiri. Léopold Sharangabo agasaba ibiganiro n’abegwa n’ikibazo c’impunzi bose kugira haganirwe ku kibazo c’umutekano ku mpunzi.