Amakuru
25 mai 2022

Umutekano, iterambere, abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Congo biyemeje gufatana mu nda

Félix Tshisekedi yavuze ko yatangajwe n’intambwe Uburundi bugezeko. Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo ngo yabonye ibikorwa vy’igitangaza kandi vyakozwe mu bihe bigoye Uburundi bwari mu bihano. Nayo mugenzi we w’Uburundi yamukeje ku biganiro biheruka gutanguzwa i Nairobi. Evariste Ndayishimiye akaba yiyemeje kuzofasha muri ivyo bikorwa ngo kuko Uburundi bubifisemwo uburambe.