Amakuru
28 septembre 2023

Umushikiranganji w’Ubutungane asaba abacamanza gupfunga abakora urudandazwa rwa magendo

Abakora urudandazwa rwa magendo bategerezwa gupfungwa. Bivugwa n’umushikiranganji w’Ubutungane Domine Banyankimbona. Hari mu nama yagiranye na ba buramatari hamwe n’abarongoye ubutungane mu ntara. Umushikiranganji asaba abacamanza kureka kubatangisha amande yonyene n’aho ari vyo amategeko abarekurira.