Amakuru
7 juin 2024

Umushikiranganji w’Ubutungane aremera ko agiye kwiga amadosiye y’abapfungiwe ubusa

Abanyororo mu Burundi babayeho mu buzima bugoye cane kubera ubwinshi bwabo, abandi na bo bakaba bagipfunzwe mu gihe bahejeje igipfungo cabo, n’abandi rero baguma bapfunzwe kandi barejejwe. Umushikiranganji w’Ubutungane abajijwe n’abashingamateka baherutse kugira urugendo muri ayo mabohero yishuye ko Abarundi babaye benshi kandi ubu hakorwa ivyaha vyinshi gusumba mu myaka iheze. Domine Banyankimbona akemera ariko ko bagiye kwitaho abapfunzwe barahejeje igipfungo cabo canke abapfunzwe barejejwe.