Amakuru
25 novembre 2023

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu aragirizwa n’umugambwe CNL gushigikira abawiyonkoyeko

Umugambwe CNL uranegura inama yabaye i Gitega ku munsi w’Imana uheruka itunganijwe n’akarwi kiyonkoye kuri uwo mugambwe, inama uwurongoye umugambwe CNL avuga ko itakurikije amategeko. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Agathon Rwasa ashira ikosa ku mushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yaretse iyo nama ikaba, kandi yari yabimenyeshejwe imbere. Agathon Rwasa abona ko uwo mushikiranganji yarakwiye gukuraho nyabuna ibihano vyafatiwe umugambwe CNL akareka no gukoresha ka mwana wa mama mu ngingo afata.