Amakuru
18 juillet 2023

Umushikiranganji w’Indero asabwa guhagararira uburenganzira bw’abigeme mu mashure

Umunyeshure Christella Ndayishimiye yari amaze iminsi apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi yararekuwe kuri uyu w’Imana vy’imfatakibanza. Uwo munyeshure akaba yagirijwe na Sentare ya Kirundo kuba yaramenye amabanga y’akazi. Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’aho Christella Ndayishimiye yitwariye umuyobozi w’ishure rya Mugendo muri komine ya Ntega mu ntara ya Kirundo kuba yashatse kumushurashuza. Eulalie Nibizi, akurikirana hafi ivy’indero mu Burundi, abona ko ikibazo c’abigeme bashurashuzwa ku nguvu n’abarezi babo gikwiye guhagurukirwa vuba bwango n’ubushikiranganji bw’Indero kuko vyabaye umugenzo mubi mu mashure. Ku bwiwe, abacamanza na bo nyene bagizwe ibikoresho mu guca imanza za ngondagonde bakwiye gukurwa mu kazi kugira agateka k’abigeme kubahirizwe mu mashure.