Amakuru
27 mai 2022

Umushikiranganji asigurira abashingamateka integuro y’itegeko, ntabategeka kuritora

Umushikiranganji aza mu Nama nshingamateka kugira integuro y’itegeko ironke umuhezagiro, abashingamateka bayisubije inyuma baba barenze amategeko. Umushikiranganganji w’Ikigega ca leta yabisiguriye abashingamateka, hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Rusama. Domitien Ndihokubwayo yari aramutse aja kwishura ibibazo vy’abashingamateka ku nteguro y’itegeko rigenga amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza. Iyo mvugo ngo yerekana ko ubutegetsi buhari butemera intwaro rusangi. Binegurwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe n’ubutegetsi.