Amakuru
22 février 2024

Umuryango w’ibihugu bisangiye amazi ya Nil watanguje umugambi mushasha wo guteza imbere abanyagihugu

Ugutanga amazi ku banyagihugu bo mu ntara za Muyinga na Kirundo hamwe no kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa Rusumo, ni imwe mu migambi Uburundi bumaze kwungukira mu muryango w’ibihugu cumi bisangiye amazi ya Nil. Louise Andrée Ndayizeye, ajejwe kumenyekanisha amakuru muri uwo muryango, yabivuze kuri uyu wa gatatu itariki 21 Ruhuhuma mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Akaba yabivuze mu gihe uyu munsi igenekerezo rya 22 Ruhuhuma hahimbazwa imyaka 25 iheze hashizweho amasezerano y’ibihugu bisangiye amazi ya Nil.