Amakuru
18 janvier 2023

Umuryango wa Dr Christophe Sahabo usaba umukuru w’Igihugu kumurekuza kuko ata caha kimwagira

Umuryango wa Muganga Christophe Sahabo, yahora arongoye ibitaro Kira, amaze amezi hafi 10 apfunzwe, urasaba ushimitse umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye gukoresha ububasha afise akarekuza Muganga Christophe Sahabo. Ivyo biri mw’ikete uwo muryango wandikiye umukuru w’Igihugu ku munsi wa mbere. Kw’izina ry’umuryango, Jean Marc Sahabo amenyesha ko kuva mwenewabo Christophe Sahabo afatwa agapfungwa, ata kintu na kimwe kimwagira uretse irementanya yakorewe.