Ngo nta mpuhwe izogirirwa imirwi yitwaje ibirwanisho iri mu gihugu ca Congo. Abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bavyemeranije mu nama yabahuje kuri uyu wa kane i Nairobi muri Kenya. Bakaba bumvikanye kwihutira gushiraho igisirikare c’akarere kugira kizohashe iyo mirwi bibaye nkenerwa. Iyo mirwi ikaba yasabwe gushira hasi ibirwanisho igasubira mu bihugu ikomokamwo, bitabaye uko ikazokurwaho ku nguvu n’ico gisirikare c’akarere.
Amakuru
23 avril 2022