Amakuru
23 février 2022

Umurwi wo kunywanisha wahinduwe igikoresho ca politike co kwihora

Icegeranyo Umurwi ujejwe kunywanisha Abarundi (CVR) uheruka gusohora co mu kwezi kwa Kigarama mu 2021 ngo ni ico guteranya Abarundi. Ibi biri mu cegeranyo ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu SOS-Torture-Burundi casohoye co mu kwezi guheze. Aimé Kwizera, ajejwe gutunganya imigambi no kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, agasaba abategetsi kwubahiriza amasezerano igihugu cateyeko igikumu.