Amakuru
19 mai 2024

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ntiwigenga (MSD)

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH nta kindi ukora atari gufukafuka amabi akorwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Bivugwa n’umugambwe MSD. Epitace Nshimirimana, avugira uwo mugambwe, amenyesha ko uwo murwi bawitura hari abantu banyurujwe ariko ntihagire ico ubafasha. MSD ihamagarira Abarundi guhaguruka bagatabarana bakanka ko haba uwusubira kunyuruzwa.