Amakuru
9 mars 2021

Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho barenga 300 barinjiye ku butaka bw’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo

Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho barenga 300, benshi muri bo bafise umwambaro w’igisirikare c’Uburundi, abandi bambaye impuzu zisanzwe, barinjiye ku butaka bw’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo kuva mu ndwi iheze. Muri iki gihe bakaba babarizwa mu bice vya Kageregere-Remera muri groupement ya Kigoma. Amakuru atandukanye ava mu mpande zose mu Burundi na Congo aremeza ayo makuru ariko igisirikare ca Congo co, kivuga ko ata cegeranyo kiraronka kugira cemeze ayo makuru.