Amakuru
1 mai 2023

Umurwi CVR wabaye igikoresho kugira umugambwe CNDD-FDD ushike ku vyo wipfuza

Ibiri mu cegeranyo c’umurwi CVR wo kumenya ukuri no kurekuriranira ku bijanye n’ivyabaye mu 1972, nta kuri kurimwo uretse ko biboneka ko ari icegeranyo c’umugambwe CNDD-FDD gihura n’ivyo bipfuza. Nko ku bijanye n’abateye mu Rumonge bita aba Mayi Mulele, ni akarorero kamwe kerekana ko n’ibindi vyose habaye gukwegerako mu gihe bavuga ko Micombero ari we yazanye abo ba Mayi Mulele. Bivugwa na muganga Alphonse Rugambarara, akurikiranira hafi kahise k’Uburundi. Aributsa ico gihe imigenderanire yari ihari hagati y’igihugu ca Zaïre na leta ya Micombero yerekana ko bitari gushoboka ko Micombero akorana n’abo ba Mayi Mulele.