Amakuru
24 décembre 2021

Umurwi CVR nta burenganzira ufise bwo kwita ubwicanyi bwo mu 1972 ihonyabwoko

Igikorwa c’umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi ni ic’umugambwe uri ku butegetsi kuko uriko urakora ibidategekanijwe na hamwe mu mategeko y’Uburundi. Nta n’umwe yohakana ko mu mwaka w’1972 habaye ubwicanyi ku mpande zose ariko nta muntu n’umwe afise ububasha bwo kwemeza ko ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu. Uko niko mu muhari MAP-Burundi Buhire babibona. Emery Pacifique Igiraneza, arongoye uwo muhari, asaba ko hoba amatohoza yigenga ashobora gutanga umuco ku bihe bibi vyose vy’ubwicanyi Uburundi bwagiye buracamwo, atari ugufatira ku bwabaye mu 1972 gusa, nk’uko biriko birakorwa n’ubutegetsi bubicishije ku murwi CVR.