Amakuru
17 mai 2022

Umurwi CNTB ntiwakoze ivyo wari ujejwe, umukuru w’Igihugu akwiye gushumbusha abahohotewe

Umukuru w’Igihugu aridogera ibikorwa vy’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo. Evariste Ndayishimiye avuga ko umurwi CNTB wihinduye sentare, ivyo navyo bikaba biciye kubiri n’intumbero wari ufise yo kunywanisha Abarundi. No mu banyepolitike batavuga rumwe na leta ni ko babibona. Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi, asaba umukuru w’Igihugu kuva mu myidogo agahindura ibintu vyose abona bitagenda neza.