Amakuru
24 février 2023

Umurwi CNIDH uremeza uburyo budashemeye abanyororo bapfungiwemwo mu Burundi

Uburyo bubi abanyororo bapfungiwemwo, gupfungwa ata caha kigaragara, abana bapfunzwe bataronswa ababunganira mu kuburana, ni bimwe mu mabi abanyororo babayemwo mu Burundi. Igihe yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyo umurwi ujejwe agateka ka zina muntu waranguye mu mwaka w’2022 imbere y’abashingamateka ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma, Sixte Vigny Nimuraba, arongoye uwo murwi, yaremeje ko hari abantu benshi bapfunzwe batagira ivyaha bibagira, abandi na bo bagapfungwa ku gikenye c’abajejwe intwaro.