Amakuru
21 mai 2022

Umurwi CNIDH uremanga ko hagihonyangwa agateka ka zina muntu mu Burundi n’aho hari intambwe yatewe

N’aho hakiri agahaze mu bijanye n’agateka ka zina muntu, biriko biratera bija imbere mu Burundi. Sixte Vigny Nimuraba, umukuru w’Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, yabibwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, aho yari ahejeje guha umubonano uwuserukira umuryango w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi. Uwurongoye CNIDH akaba yamenyesheje ko n’ibitagenda neza vyose, umurwi arongoye wabibwiye abashingamateka.