Amakuru
25 novembre 2022

Umurwi CNIDH uhamagarira inyamiramabi kwubahiriza agateka ka zina muntu

Inyamiramabi zotahura amategeko ajanye n’agateka ka zina muntu, ngo vyotuma ibitigiri vy’abapfungwa bigabanuka. Bishikirizwa na Dr Sixte Vigny Nimuraba, arongoye Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH. Hari mu gihe inyamiramabi zo mu karere k’uburengero bw’igihugu zariko zihimirizwa ku bijanye n’ugupfunga abantu hakurikijwe amategeko.