Amakuru
20 janvier 2022

Umurwi CNDS urafise ubushobozi n’amahirwe vyo kwumvikanisha imirwi iri mu matati

Umurwi CNDS, washinzwe kugira uhuze mu biganiro abakozi n’abakoresha bari mu matati waraye ukoze akazi washinzwe mu kwumvikanisha abigisha na leta kuvyo badahurizako. Bishikirizwa na Eulalie Nibizi, yahoze arongoye sendika y’abarimu mu Burundi STEB. Ashima kandi ko uwo murwi urongowe na Sylvestre Ntibantunganya yigeze kurongora igihugu, navyo nyene bitanga umwizero. Eulalie Nibizi agasaba ko n’izindi ngorane zisanzwe zugarije igisata c’indero zoganirwako mu maguru masha. Tubibutse ko umurwi CNDS ujejwe guhuza leta n’abakozi mu matati wamenyesheje kuri uyu wa gatatu ko abarimu n’ubushikiranganji bw’Indero bumvikanye ko ibibazo vyohabwa abarimu bibangiriwe, abarimu nabo bakaba baciye bahagarika gutegura yegeregere.