Amakuru
27 octobre 2022

Umurundi wese arafise uburenganzira bwo kuja kuba ahandi ata na kimwe kimukwirikirana

Haba mu Burundi canke kw’isi yose, umunyagihugu arafise uburenganzira bwo gufata urugendo ashaka ku mvo ziwe, ico nticari gikwiye kuba ikibazo c’igipolisi. Ivyo bishikirizwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB). Ni inyuma y’aho umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, Petero Nkurikiye, amenyeshereje ko Abarundi bariko baja muri Serbie kugira babandanye mu bindi bihugu vy’i Buraya, bariko baratukisha igihugu. Ngo bamwe muri bo bariko barasubizwa inyuma kandi bazoshika babibazwa.