Amakuru
20 mai 2022

Umurindi wo guheba ishure wa 43% ku banyeshure bo mu wa mbere mu Ruyigi, ubukene ni bwo bubitera

Ibiharuro vy’abana baheba ishure mu Ruyigi bisigaye ari umurengera. Bigaca vyunyuka ugeze ku bana bo mu mwaka wa mbere. Ivyo uwurongoye indero muri iyo ntara akabisigura avuga ko imvo nyamukuru ari ukutamenya kw’abavyeyi n’ubukene mu miryango. Onésphore Nsabiyumva agasaba ko abana basubira kugaburirwa mu mashure aho mu Ruyigi.