Umuntu avutse ari umunyamwema arashobora kubaho neza akaramba nk’abandi bose, ntiyigere arwara indwara ya cancer yo ku rukoba. Bivugwa n’umuganga w’umuhinga mu kuvura indwara zo ku rukoba, Alice Amani Uwajeni. Abivuze mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamamkungu witiriwe Abanyamwema usanzwe uhimbazwa ku wa 13 Ruheshi. Dr Uwajeni ahanura ba nyamwema kwama bitwararika kwikingira izuba mu kwambara bakikwiza kuva ku mutwe gushika ku maguru.
Amakuru
14 juin 2024