Amakuru
18 janvier 2024

Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yarahemutse mu gutangaza ko abasoda ari bake ubu (CFOR-Arusha)

Nta muntu n’umwe arekuriwe kuvuga amabanga y’igisirikare. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo ahamagariye Imbonerakure kwitegurira gutabara igihugu kubera gisigaranye abasoda bake. Hari ku wa gatanu uheze, igenekerezo rya 12 Nzero, mu ntara ya Cibitoke. Bamvuginyumvira asaba umukuru w’Igihugu gukwirikiranira hafi imvugo mwene izo.