Amakuru
1 décembre 2023

Umuntu yivuje n’imiti y’ikirundi ntaba yagiye mu bapfumu (Jothan Nikora)

Abibaza ko ishano ritabaho mu Burundi barihenda kuko ryamyeho kuva kera. Bivugwa na Jothan Nikora, arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abavuza imiti kama. Arahumuriza Abarundi ariko ko ishano rivurwa uwaririye agakira. Akaboneraho gusaba Abarundi ko boza barareka gufata uwugiye kurondera umuti kama wo kwivuza ishano nk’uwugiye mu bapfumu.