Umuntu umwe yaritavye Imana mw’isanganya ry’ubwato ryabaye mu kiyaga Tanganyika mw’ijoro ryo ku wa 15 rishira uwa 16 Ruheshi, nk’uko vyemezwa n’ubuyobozi bukuru bw’ikivuko ca Bujumbura. Ku bwa Jean-Baptiste Biherengende, umuyobozi mukuru ajejwe uruja n’uruza mu kiyaga Tanganyika, mu bantu 17 bari muri ubwo bwato, 12 bararokotse babifashijwemwo n’amato yo mu gihugu ca Congo, 4 na bo baraburwa irengero. Arongera akamenyesha ko ibikorwa vyo kurondera abo bakibura, bibandanya.
Amakuru
21 juin 2023
