Amakuru
21 juin 2023

Umuntu umwe yarapfuye abandi 4 baraburwa irengero mw’isanganya ry’ubwato mu kiyaga Tanganyika

Umuntu umwe yaritavye Imana mw’isanganya ry’ubwato ryabaye mu kiyaga Tanganyika mw’ijoro ryo ku wa 15 rishira uwa 16 Ruheshi, nk’uko vyemezwa n’ubuyobozi bukuru bw’ikivuko ca Bujumbura. Ku bwa Jean-Baptiste Biherengende, umuyobozi mukuru ajejwe uruja n’uruza mu kiyaga Tanganyika, mu bantu 17 bari muri ubwo bwato, 12 bararokotse babifashijwemwo n’amato yo mu gihugu ca Congo, 4 na bo baraburwa irengero. Arongera akamenyesha ko ibikorwa vyo kurondera abo bakibura, bibandanya.