Amakuru
17 novembre 2022

Umunsi w’umurwanyi, ni akaryo k‘ubutegetsi ko kubesha abanyagihugu ku kuri ku Burundi

Umugambwe CNDD-FDD uvuga ko ugejeje igihugu ku ntambwe nziza kubera hari bamwe muri bo bemeye bakitanga igihe bari mw’ishamba. Ivyo bishikirizwa na Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Hari kuri uyu wa gatatu igihe hugururwa indwi uwo mugambwe wahariye umurwanyi. Ayo majambo akaba atakiriwe neza n’abatavuga rumwe na leta. Ni nk’urunani CFOR-Arusha ruvuga ko uravye amagorwa Abarundi barimwo uno munsi, bwaba ubwicanyi canke kigoyi, ngo birahushanye cane n’ivyo bivugwa n’uwo mutegetsi, nk’uko bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani. Ku bwiwe, ibivugwa na Révérien Ndikuriyo, ni ikinyoma gifise intumbero yo guhuvya Abarundi.