Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe impunzi ushitse mu gihe impunzi nyinshi zo kw’isi zugarijwe n’inzara kubera ikiza ca Corona. Uyu munsi ukaba ushitse kandi impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ziriko ziratotezwa kugira zitahukanwe ku nguvu. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH/VICAR, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi. Léopold Sharangabo arasaba impunzi zose harimwo n’abarundi gukura amaboko mu mpuzu zikarondera ico zokora kugira zishobore kwiyugunganya.
Amakuru
22 juin 2021
