Amakuru
17 juillet 2024

Umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Jimbere apfungiwe i Bweru ategerezwa kurekurwa (I. Muhozi)

Haraheze iminsi itatu umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Jimbere apfungiwe mu gasho ka komine Bweru mu ntara ya Ruyigi. Yafashwe kw’itegeko rya musitanteri Diane Nibitanga. Akaba yamuhoye ko ariko abaza ibibazo ku kiziga cari mu modoka ya musitanteri, kandi ico gihe nyene abaryango b’uwo yapfuye bariko babaza icabahekuye. Iyo ngendo ya musitanteri yatewe ivyatsi n’abatari bake. Uhereye ku buyobozi bw’ico kinyamakuru Jimbere bwasohoye itangazo aho buvuga ko Pantaléon Ntakarutimana yariko akora akazi kiwe, bugasaba ko arekurwa vuba bwango, kandi ata gisabwe. Ako kamo ni na ko kandi gaterwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo kijejwe gukurikirana akazi k’ibinyamakuru, OPB. Ku bwiwe ngo itotezwa ririko rikorerwa abamenyeshamakuru biciye kuri Pantaléon Ntakarutimana, Floriane Irangabiye na Sandra Muhoza riracafuza isura y’igihugu. Innocent Muhozi agasaba ko abo bamenyeshamakuru bose bapfunzwe bazira ubusa barekurwa.