Amakuru
7 mai 2024

Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yararengukishijwe imbere y’abacamanza ba Sentare nkuru ya Mukaza

Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yararengukijwe kuri uyu wa mbere imbere y’abacamanza ba Sentare nkuru ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Akaba yagirizwa guhungabanya umutekano ku mbibe z’igihugu n’ukwerekana umutima w’amacakubiri ashingiye ku bwoko. Umushingwamanza wiwe Prosper Niyoyankana, yamenyesheje ko imvo nyamukuru kwari ukwiga ingene uwo aburanira yoburana yidegemvya. Akanegura ivyo yagirizwa kuko bishingiye ku vyo yavugiye ku rubuga rwa WhatsApp ahuriramwo n’abandi, agasaba ubutungane kurekura Sandra Muhoza kuko ivyo yagirizwa ata shingiro bifise.