Integuro nshasha y’itegeko rigenga kumenyesha amakuru yateye intambwe imbere, kandi itera n’intambwe nini inyuma. Ni vyiza kubona umumenyeshamakuru atazosubira gupfungwa kubera amakosa ajanye n’akazi kiwe, ariko rero birateye agahinda kubona azosabwa gutanga amande hanyuma agategerezwa no kuvuga uwamuhaye inkuru. Ivyo biterwa ivyatsi na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rutavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Ni inyuma y’aho ku munsi wa kabiri Inama nshingamateka yemeje iyo nteguro y’itegeko.
Amakuru
8 mai 2024
