Amakuru
7 décembre 2023

Umukuru w’Igihugu yoronka abakozi nyabo abarondeye ahandi atari muri CNDD-FDD (Aloys Baricako)

Umukuru w’Igihugu ntakwiye kuguma yidoga ko atagira abamufasha kuko amategeko amuha ububasha bwo kubahindura. Bivugwa na Aloys Baricako, arongoye umugambwe RANAC. Abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko abo yizera bose bamukorera nabi. Aloys Baricako asaba umukuru w’Igihugu ko yohindura akizera n’abandi batari mu mugambwe iwe. Yaganiriye na bagenzi bacu bo kuri Radio- télévision Isanganiro.