Amakuru
9 juillet 2024

Umukuru w’Igihugu yaraganiriye n’umurwi w’Ibanki y’isi ivy’imigambi mikuru yerekeye iterambere

Uburimyi n’amasoko ntanganguvu, ni bimwe mu bisata Ibanki y’isi yiyemeje gufasha. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’Igihugu inyuma y’aho bamwe mu bagize urwego nshingwantwaro rw’iyo banki bahejeje kubonana na Evariste Ndayishimiye i Gitega ku munsi wa gatanu. Rosine Guilène Gatoni avuga ko abo bategetsi b’Ibanki y’isi bemeje ko iyo banki igiye gufasha Uburundi kurusha uko vyahora. Urwo rugendo rwabo rukaba rwamaze iminsi itatu mu Burundi.