Amakuru
5 août 2022

Umukuru w’Igihugu yabwirizwa gufasha Uburundi gutera imbere aho kubugereranya n’Ububiligi

Imvugo y’umukuru w’Igihugu aho agereranya Uburundi n’Ububiligi ni imvugo y’agashinyaguro, ni imvugo yo gusinziriza Abarundi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Tournons la page (TLP-Burundi), abishikirije inyuma y’aho umukuru w’Igihugu agiranye inama n’Abarundi baba mu mahanga yabereye mu ntara ya Ngozi mu ndwi iheze. Ku bw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, ngo umukuru w’Igihugu yategerezwa gusaba ikigongwe Abarundi akareka kubabesha, ahubwo akaraba icokorwa kugira ngo Uburundi butere imbere.