Amakuru
12 juillet 2022

Umukuru w’Igihugu ntiyidoga, arafise ubushobozi bwo gufata ingingo

Imyidogo y’umukuru w’Igihugu ku bijanye n’inyifato itabereye y’abo bakorana mu ntwaro iracapfuza urwego rw’umukuru w’Igihugu n’igihugu ubwaco. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Tournons la page (TLP-Burundi), abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu yidogeye ko musitanteri wa komine ya Kiremba mu ntara ya Ngozi yagurishije inzu ya koperative ku mafaranga y’intica ntikize bidaciye mu muco. Akaba yabivuze igihe yagenda i Ngozi mu mpera z’indwi iheze agiye gushikiriza buramatari mushasha. Umushingwamanza Janvier Bigirimana abona ko umukuru w’Igihugu afise ububasha ahabwa n’amategeko y’igihugu bwo gufata ingingo ibereye, aho kubandanya yidoga.