Amakuru
3 février 2023

Umukuru w’Igihugu nta ho ahagaze mu ndyane za Ukraine n’Uburusiya, ariko ashigikiye inzira y’amahoro

Leta y’Uburundi nta ho ihagaze mu ngwano hagati y’ibihugu vy’Uburusiya na Ukraine. Umukuru w‘Igihugu yaraye asubiye kuvyemeza mu mubonano yagiranye n’uwuserukira umuryango w’ibihugu vya Buraya ajejwe agateka ka zina muntu, Eamon Gilmore, mu rugendo arimwo ruzomara iminsi itatu mu Burundi. Umuvugizi w’umukuru w’Igihugu, Rosine Guilène Gatoni, ni we abishikiriza, akamenyesha kandi ko baganiriye ku bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe no kwubahiriza abakenyezi mu nzego zifata ingingo.