Amakuru
3 novembre 2021

Umukuru w’igihugu niwe abazwa ivy’umutekano w’igihugu n’abanyagihugu

Umukuru w’Igihugu niwe ategerezwa kubazwa ikibazo c’ibiziga biguma bitorwa mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi na cane cane mu ntara ya Cibitoke ca Rugombo. Ni mu gihe muri iyo ntara, mu kiringo c’indwi imwe gusa, hatowe ibiziga birenga cumi. Ako ni akomo ka Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Kuri we, ngo Evariste Ndayishimiye arakwiye kwibuka ko atwarira bose, adatwarira abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.