Amakuru
20 décembre 2023

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yarahemukiye Abarundi kubona atemera ko bakenye (UPD-Zigamibanga)

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye arashinyagurira Abarundi mu kwama avuga ko badakenye. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga. Umukuru w’Igihugu ngo abona we n’akarwi bari kumwe batunze agaca yibaza ko n’abandi Barundi ari ko bameze kandi bobo bugarijwe n’ubukene. Chauvineau Mugwengezo abona ko umukuru w’Igihugu yahemukiye Abarundi.